Bujumbura hatewe gerenade zikomeretsa benshi.

Bujumbura Hatewe Gerenade Zikomeretsa benshi.

Mw’ijoro ryo kuri uno munsi w’Imana igenekerezo rya 05/05/2024 haraye hatewe za Grenade mu tubari tubiri muri Quartier Gikizi ya Zone Kamenge Komine ntahangwa mu Gisagara ca Bujumbura.

Abanyagihugu babonye uko vyagenze bemeza ko babonye abantu baje n’imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Hilux Double Cabine ifise ibiyo bitabona,(voiture Toyota Hilux à vitre teintée) baca bava muri iyo modoka, batera za grenade zikomeretsa abantu benshi bari bateramiye muri utwo tubari.

Ababonye uko vyagenze, baravuga ko atawaciye apfa murako kanya, ariko hakomeretse benshi cane,bamwe baciye batwarwa kuvurigwa ku bitaro biri hafi yaho habereye ubwo bugizi bwa nabi.

Abanyagihugu baba muri Karatiye Gikizi ya zone Kamenge, batashimye ko amazina yabo amenyekana, baremeza ko ivyo vyabaye vyakozwe n’imisoresore y’imbonerakure, kuko ariyo yahawe ibigwanisho Kandi arinayo ikizura mw’ijoro minsi yose…

Ababa muriyo Quartier Gikizi bemeza ko abateye izo Grenade ahanini bagomba kwica bamwe mubanywanyi b’umugambwe CNL bari bateramiye muri utwo tubari, bakiyoboka Rwasa Agathon wahoze arongoye umuhari FNL.

Inkuru dukesha rwandatrubune ikoneza ivuga ko Abarundi barasaba bashimitse leta y’u Burundi ko yogira akigoro igakura ibigwanisho muri iyo misoresore y’imbonerakure, kuko yama yakoze inkumbi buri gihe.