Burundi: Hakomejwe gutorwa imirambo mu makomine atandukanye

Komine Giheta: hatowe ikiziga umurambo w’umugabo kuri uyu wa kabiri mu gitondo ku mutumba Korane muri komine Giheta (intara ya Gitega, hagati mu Burundi).
Urupfu rw’uwo mugabo rurimwo amakenga, Abanyagihugu baho bibaza ko yoba yishwe kandi ko  vyateguwe, mu ntwaro ho bavuga ko amatohoza yatanguye.
Ikiziga c’uwo muhisi catowe aho kimanikishije umusegetera(Inzitiramibu) ku giti ku metero zishika cumi uvuye kw’ibarabara ry’igihugu nimero zibiri (RN2), hafi y’umugwa mukuru wa komine. Kubw’ababibonye, uwo mugabo yari afise imyaka ishika 40.
Jean Ndaboroheye, umukuru w’umutumba Korane avuga ko musi y’igiti catoweko ico kiziga hari impuzu n’ibirato vyaturiwe n’amacupa abiri y’inzoga zitemewe n’amategeko.
Atomora ko uburyo uwo mugabo yishwemwo butaramenyekana ko “Amatohoza yatanguye kugira ngo tugerageze kumenya neza ivyabaye”, ni ko bivugwa n’uwujejwe intwaro yashitse ahatowe ico kiziga.
Inkuru dukesha ikinyamakuru SOS Médias Burundi ikomeza ivuga ko abanyagihugu bavuganye co bavuga ko bwoba ari ubwicanyi bwateguwe. Babona ko uwo mugabo yoba yiciwe ahandi ikiziga ciwe kizazanwa kumanikwa muri ico kibanza “kugira ngo berekane ko umengo yariyahuye”.
Ni ikiziga kigira gatatu gitowe mu ntara ya Gitega mu kiringo c’imisi 16.