Police yafashe impunzi 10 nyuma y’imyigaragambyo zakoze

Impunzi zishika cumi zahagaritswe inyuma y’imyiyerekano yo kuri uwu wa mbere
n’Igipolisi ca Kenya ku mukwabu carakoze wo guhagarika abantu kuva kuri uwu wa mbere gushika mu gitondo c’uwu wa kabiri.
Impunzi zo mugihugu ca Kenya (Kakuma), zishika cumi zigizwe ahanini n’abanya sudani zarahagaritswe, zikekwa kuba zarivye mu maduka no mu bubiko bw’ikambi.
Gushika ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, vyari bikigora igipolisi kugwanya imyiyerekano yo muri site ya Karobeyi, ahaguriwe ikambi ya Kakuma. Abo biyamirije ihagarikwa ry’imfashanyo y’amafaranga n’igabanurwa ry’ibifungurwa ku bice 40 %.
Kubw’abo, nta wokwemera ko ivyo bikorwa, mu gihe inzara ivuza ubuhuha muri iyo kambi irimwo abantu barenga 200. 000 ziva mu bihugu bitandukanye.
Igipolisi kimenyesha ko muri iyo myiyerekano, abayirimwo basituye amabutike hamwe n’ububiko bw’ibikoresho vya PAM. Ikindi, impunzi zirababazwa n’uko abatari musi ya 15 muribo, bo muri iyo nkambi bahagaritswe bajanwa mu gasho k’igipolisi.
“Abafashwe bakurikiranwa ku caha c’ubusuma mu mazu y’idandarizo y’Abanya kenya n’impunzi. Bazokwishura ku vyo bakoze kandi ntibakurikiranwa kuko bagiye mu myiyerekano”; ni ko igipolisi gisigura mu kugerageza guhumuza abanyagihugu, bakongerako ko amatohoza azokwerekana abakoze ivyaha vy’ukuri.
“Abarundi bane barahagaritswe na bo nyene imbere yo kurekurwa kuri uwu wa kabiri. Rero turashobora kwemera ivyo igipolisi kivuga kuko nta wuserukira abandi yahagaritswe kandi bari imbere yacu. Turiyamirije kandi ubwo busuma kuko si vyo vyari vyateguwe uwo musi”, ni ko bamwe mu baserukira abandi bamenyesha.
Abo bavuga kandi ko ishavu ritaheze kandi ko bazobandanya gushika kuwa 26 Ndamukiza 2024, umusi wo gutanga ibifungurwa.
Inkuru dukesha SOS Medial ikomeza ivuga ko “Turategekanya kuraba nimba ibisabo vyacu ko  vyamviswe, atari ukwo, tuzosubira imyiyerekano gushika ingingo z’agahotoro zifuswe”, ni ko bavuga.
Gushika kuri uwu wa gatanu, impunzi zirindiriye n’imiburiburi inama yo guhumuriza.
Kakuma ni imwe mu makambi manini cane muri Afrika iri mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya n’igice cayo c’iyaguriro ca Kalobeyei igaharurwamwo impunzi zirenga 200. 000 harimwo ibihumbi 25 vy’Abarundi.
Ishobora kuba ari ishusho rya abantu 4, abantu bahagaze, umuriro, ikimera, imbaga na umwandiko uvuga ngo 'soS Médias SOSMédiasBurundi Burundi'