Burundi: Imyaka 11 irashize isoko rikuru rya Bujumbura rihiye ubu hamezemo ibiti

Taliki 27 Mutarama 2013 taliki 27 Mutarama 2024, imyaka 11 isoko rikuru rya Bujumbura rihiye. Mu kirundi bavuga ngo ”ata gapfuye nta gakira”. Uwobaza ibiti vyameze ahahora isoko nkuru ya Bujumbura ntivyobeshuza iyo mvugo. Ubuvyibuhe bwavyo biragoye kububona – sinzi ko hari abinjira imbere muri ico kibanza cugaye impande zose kuva cadutsemwo umuriro ku wa 27 Nzero (1) mu 2013- kugira bavuge ingene bingana mu bunini.

Ico bikoze, uraramuye amaso ukaraba ahahora igisenge c’iyo soko, ariko na cane cane uhagaze mu magorofa ahakikije, urabona ko ivyo biti ari birebire, bitotahaye kandi vyamaze gushinga imizi.

Igihugu n’abahora bacururiza muri iyo soko -abakiriho, iyi tariki ya 27 Nzero wari ”umunsi mubi”, umunsi wamarira kuba dandarizagamo n’imiryango wabo.

Mu gitondo ca kare hari ku wa Mungu( ku cyumweru) – itariki 27 ukwezi kwa Nzero (1) mu 2013, niho umuriro waduka uca ukwira hagati mw’isoko.

Induru, imiborogo, intuntu, ukwihebura, uguhahamuka, agahinda …amajambo yose aranga ”umunsi mubi” ntaritarakoreshwejwe uwo munsi haduka akaga ka mbere k’umuriro muri kahise k’Uburundi.

Iyo soko yafatwa nk’umutima w’ubutunzi bw’igihugu. Ishirahamwe OLUCOME ryemeza ko 20% y’ubutunzi bw’Uburundi ariyo ryabarizwa. Rivuga ko hagurishwa ibidandazwa bifise agaciro kababa umuriyaridi w’amafaranga ku munsi.

Iyo soko yari yubatswe mu 1994 ku kibanza kingana hafi hegitari zitatu (3ha) ku mafaranga yangana na miriyaridi 1,5 ico gihe -ku gaciro k’ubu yorenga miriyaridi 30 (30.000.000.000).

Olucome, ishirahamwe ryishinze kugwanya igiturire no gusesagura itunga ry’igihugu ribabazwa n’ingene iyo soko imaze igihe kingana uko kwose itarasubira kwubakwa.

Mu kiganiro co kwibuka imyaka 11 iheze iyo soko nkuru ya Bujumbura ihiye, umuvugizi wa OLUCOME, Jean Nduwimana, yasavye reta kuva mu majambo maze igatangura ibikorwa nyezina vyo gusubira kuyubaka.

Yagize ati : “Bapfa kuvuga amajambo gusa, nta bikorwa tubona. Dusavye dushimitse Leta y’Uburundi ko yotangura kwerekana ‘planification’ [integuro y’ingene ibikorwa bizokurikirana] aho kuvuga ivy’abazoyubaka batavuga n’ingene bazoryubaka”.

Imvugo ijanye no gusubira kwubaka iryo soko yahoze ifatwa nk’umutima w’ubutunzi bw’Uburundi yagiye ihindagurika. Muri 2020, reta yatangaje ko ikibanza cayo kigiye guhabwa ururani rw’amabanki yo mu Burundi kugira ruhubake inyubakwa ya kijambere ikorerwamwo ibikorwa vy’ubudandaji, Mall.

Hirya no hino hanze y’ikibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hari uruja n’uruza rwinshi rurimwo ibituro vy’ama bisi aja mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura

Bazokwubaka ryari ?

Mu nyuma vyarahindutse Leta itangaza ko ibikorwa vyo kuyubaka bisubijwe mu minwe ya Leta. Imvo ntizatomowe neza. Naho nyene, abantu bararindiriye ko ibikorwa bitangura barabura.

Iki kibazo cahavuye gisubira kubazwa mu kwezi kw’icumi kw’umwaka uheze wa 2023, mu kiganiro c’abashikiranganji baha abamenyeshamakuru n’abanyagihugu.

Umushikiranganji w’inyubako Dieudonné Dukundane yishuye ati :

”Twabanje gutunganya ishusho nshasha y’ingene kirya kibanza cokwubakwa tuzocubaka mu buryo bwa kijambere rwose, uburyo mbere butera buduha ishusho y’ingene Uburundi buzoba bumeze mu mwaka wa 2040 n’umwaka wa 2060”.

Ishirahamwe OLUCOME ryo riguma ryibaza ibibazo nyene rinegura ukuntu abategetsi bavuga ntibatomore neza canke ngo batange ibiharuro n’ikirangaminsi.

Nduwimana yibaza ati : “Bazokwubaka ryari ? Amafaranga ni angahe ? Nibavyerekane rero. Umushikiranganji n’avuge ido n’ido ry’ingene iyo soko izokwubakwa n’ikiringo igihe [ibikorwa] bizotangurirwako n’imisi bizomara”.

Isoko nkuru ya Bujumbura yahiye muri 2013, hari hafi isaha imwe y’igitondo igihe umuriro udasanzwe waduka. Imbeya z’umuriro zagera nko ku metero ijana hejuru y’inyubakwa zayo. Abanya Bujumbura babonye umwotsi wirabura ukwira igisagara cose.

Iryo sibe ry’umuriro ryatumye imiryango yabo ija mu kaga. Ibiharuro bitangwa n’urunani mpuzama-sendika COSYBU vyerekana ko abadandaza 3.500 ari bo bahatakarije akazi n’ivyabo.

Ubu, ahahoze iryo soko hari ishamba. Hacunzwe n’abajejwe umutekano. Iminyota n’iyindi micafu y’ivyahiriyeyo, ibihomoka vy’impome n’igisenge vy’iyo soko niyo bikiri ngira nivyo bigaburira ibiti vyahameze.

Isoko yose hasi yari isima ku buryo hokwibazwa ingene ivyo biti vyahashinze imizi – ubaye urareka iyo vyavuye. Sinzi ko mu vyahadandarizwa hari imbuto z’biti zarimwo.

Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura basaba ko ico kibanza cokuburwa neza iyo micafu yose igakurwayo. Kuko bafise ubwoba ko iyo micafu ishobora gutera ingwara -niba atazo iratera. Iyo imvura iguye, itembana n’imivo igakwira mu bibanza bimwe bimwe vyo mu gisagara. Ayo mazi acafuye amaherezo agashika mu kiyaga Tanganyika kizeweko vyinshi mu buzima bw’abanyagihugu.

Ariko uwobaza ibiti vyameze ahahora iyo soko nkuru ya Bujumbura nta nkeka ko inyishu yavyo yotandukana n’iyo abanya-Bujumbura n’Abarundi muri rusangi bifuza.

Uravye ingene bitotahaye, utamenya ko biri mu ci canke mu mvura, bitegerezwa kuba vyovuga biti ”ata gapfuye nta gakira, iyaba isoko ikiri aha ntituba tuhahagaze”

Ahahora isoko nkuru ya Bujumbura ku ruhande rwo mu buseruko

Si ivyo biti gusa vyahatoreye akoyoko. Kuva isoko ya Bujumbura ihiye, ijambo ”galeries” risigaye rizwi cane mu gisagara ca Bujumbura.

Ibibanza vyinshi vyari mu micungararo y’isoko, igikora bimwe vyaragaragara canke bifise imirimo ibayabaye. Ubu rero vyahindutse ama ”galeries” yogereranywa n’amasoko mato mato ya kijambere. Ubu ama galeries aharugwa mu gisagara hagati ararenga 20.

Inkuru dukesha BBC. Ivuga ko benshi mu bashoboye kwivyukiranya mu bahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura, abatagiye mu yandi masoko canke mu ya Cotebu yubatswe ngo ibe imfatakibanza aho isoko nkuru ihiriye, n’abandi bagiye barashinga urudandazwa mu nyuma, ubu barangurira imirimo muri ayo ma galeries.

Ku biti biyagayaga ahahora isoko, isabukuru y’uwa 27 Nzero 2013 si ”umunsi mubi”.