Burundi: Hateye icyorezo cy’amaso y’imbwa

Mu Burundi iyo ngwara yazanywe nabakora urudandazwa ndengambibe yaja muri Tanzananiya aho abo badandaza bavuga ko muribo batanguye kurwara iyo ngwara ,mu ntango yakuno kwezi.

Ingwara y’amaso yatanguye kwibonekeza mu ntango zakuno kwezi kwa ruhuhuma umwaka wa 2024,aho ayo maso yazananye mugihugu kibanyi ca Tanzaniya, n’ingwara yabiciye bigacika aho abanyagihugu baho igice kitari gito carwaye iyo ngwara.

Abo badandaza bavugako bari baziko ari amaso y’imbwa isanzwe aho ayo maso atabuza ico umuntu akora kuko yoyo ibimenyetso vyayo wasanga ari imugutukura nokugira ibirashi mubmaso cane cane mu gatondo umuntu akivyuka.

Umwe mubarwaye iyo ngwara wayagiye umunyamakuru wa zakwetu.com uri Bujunbura yaguze ati:

Jewe vyatanguye numva amaso umengo arimwo umusenyi niho narondera umuti wokwoza ariko biba impfagusa, maze hafi indwi yose ndi munzu aho mbere

Amakuru dukura mubanyagisagara avuga ko ayo masa y’imbwa afashe umuntu adasubira kuva munzu, bakavuga ko bigira ingaruka ku miryango kuko batemererwa gusubira gukora ibikorwa bibabeshaho canke bibeshaho imiryango narirya basanzwe bari mubukene muri kino gihe. Barasaba reta ko yarikwiye kubaronsa imiti ku buntu nkuko yabikoze igihe hatera ikiza covid 19 mumwaka wa 2019.

Mw’itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu nokirwanya sida bwasohoye kuri uyu wa 13 ruhuhuma 2024, Muganga Lyduine Baradahana arongoye ubwo bushikiranganji yavuzeko mu Burundi hateye ikiza c’ingwara y’amaso aho avuga ko yandukira biciye mugukoranako iyo umuntu yivyiringiye canke mugukora kubintu vyandujwe n’umurwayi

Muganga Baradahana, avuga ibimenyetso vyayo ari guhishira amaso, kuvyiba ibigohe,kwiviringira ,gufatana ingohe iyo umuntu avyutse ,kubabazwa numuco bigatuma umuntu aguma akorora amosozi. Akavuga ko yandukira cane biturutse kumosozi canke ibirashi iyo ubikozeko hanyuma ntukarabe neza,ariko akemeza ko ari ingwara ikira ningoga mugihe ivuwe.

Agasaba abanyagihugu guheba gukoresha imiti batandukiwe n’abaganga kuko bituma iyo miti munyuma idashobora kubakiza.

Naho iyo ngwara ishobora kwikiza harivyo ingingo umuntu yokora kugira yivure nko kwikandisha agatambara kavuye mumazi akanye imbere yo kuja kwa muganga. Muganga Baradahana agahamagarira abanyagihugu gukaraba kenshi namazi meza nisabuni,kwirindz kuramukanya bahanye imiwe, kwirinda kwikora mumaso umuntu atakaravye neza.

Agasaba ko abanyeshure nuwo wewe yafashwe kuguma muhira kugira ntihabe kwandukizanya. Uyo mushikiranganji aremeza ko iyo ngwara ihungabanya ibikorwa vya misi yose.

Kubijanye nizo ngingo zo kuguma muhira mugihe yibonyeko ivyo bimenyetse zatanguye hamwe hamwe mugisagara ca Bujumbura, aha tuvuga nko kwisoko ya Jabe,zone Bwiza,komine Kukaza aho abarongoye iyo soko kuri uyu wa gatatu, yamenyesheje abadandaza ko atamudandaza yiza gukora mugihe arwaye ayo maso, aho yabamenyesheje ko utazovyubahriza ko igipolisi kizoca kimufata kimusubize kumuhana yaje aturukamwo.

Ingwara y’amaso yari menyerewe kubana bakiri bato cane cane bari kwishure aho bayihererekanya ariko bagakira mukanya gato mugihe iyubu umuntu ashobora gukwiza indwi yose ari munzu.